05/03/2026
Gitega: Irerero ry’impfuvyi ry’ababikira b’umuryango wa Mariya w’i Nazareti riri ku ryararonkejwe Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 4/3/2026,imfashanyo y’ibikoresho bitandukanye vyatanzwe n’umupfasoni Ntimpirangeza Perpétue, avuka ku mutumba muri komine n’intara ya Gitega, ariko asanzwe aba mu gihugu c’Ubudage.
Ivyo bikoresho bigizwe n'imatera ntonto na nini, indobo, amabase, amashuka, uburengeti hamwe n’ibitenge, bikazofasha mu kwitaho neza isuku ry'abana bari muri iryo rerero.
Uretse iyo mfashanyo, komine Gitega na yo yaraterereye amakarato y'amata ya Nido n'umufuko w'isukari kugira bifashe mu kuramika abana bato bato baharerewe.
Nkuko vyashikirijwe na Mama mukuru Triphonie Nizigama arongoye iryo rerero ngo bamaze kurera abana barenga amajana atanu kuva ritanguye ibikorwa vyaryo, ubu rikaba rifise abana 56 rireze.
Triphonie Nizigama yamenyesheje ko kurera abana b’impfuvyi bitoroshe kuko bakenera ibintu vyinshi. Ababikira bonyene ngo ntiboshobora kubishikako vyose bataronse ababashigikira .Ni co gituma ashimira cane abagiraneza babafasha.
Yavuze ati: «Turakenguruka cane abama badufasha, na cane cane uwo muvyeyi hamwe na komine Gitega badahengeshanya kudushigikira. Turasavye n’abandi bafise umutima w’ikigongwe kwifadikanya na twebwe mu gufasha abo bana.»
Ntimpirangeza Perpétue nawe yamenyesheje ko igituma akora ico gikorwa ari uko na we yakuze ari impfuvyi, kandi ico kigo kikaba carigeze kumufasha akiri muto. Yavuze ko ivyo bikoresho vyabone biciye muburyo yegeranije aho aba mu Budage abifashijwemwo n’abagenzi biwe bagiye baterera inyuma y’aho abasiguriye ivy’iryo rerero.
Yarakerukiye ababikira b’umuryango wa Mariya w’i Nazareti ku mwitwarariko bafise wo kurera abo bana, avuga ko ashaka kubafasha kugira abo bana babeho neza ndetse banaronke aho barara hameze neza kandi bagire n’amagara meza.
Musitanteri wa komine Gitega, Jacques Nduwimana, yarakengurukiye uwo mupfasoni ku mutima w’impuhwe n’ikigongwe yagaragaje mu gushigikira iryo rerero. Yarongeye aratera intege uwo muryango w’ababikira, anamenyesha ko komine Gitega izobandanya kudodora hirya no hino kugira haboneke uburyo bwo gufasha abana barerewe muri ico kigo.
Mwomenya ko uretse ivyo bikoresho vyatanzwe ubu, uwo mupfasoni yari asanzwe yarafashije iryo rerero mu kububakira inyubakwa abana bateramiramwo, yaratanze intebe n’imeza zikoreshwa muri iyo nyubakwa, inka zibiri,imashini yo kumesa (lessiveuse), hamwe n’ibindi bikoresho bitandukanye.