27/04/2026
🔴 y'epfo ibintu vyakomeye, imigumuko yabaye ndanse.
✍️Abarundi bari mu gihugu ca Africa y'epfo basabwa kwirinda kwegera ahariko habera imigumuko yiyamiriza abanyamahanga, harimwo n'abarundi.
💬Ubuserukizi bw'Uburundi muri Afirika y'epfo bumenyesha ko iyo migumuko iriko irabera mu mihingo itari mike muri ico gihugu. Igitangaje rero, abari muri iyo migumuko ngo n'abakwije ibikenewe bibaha uburenganzira bwo kuba muri ico gihugu ntibabagera umutwe. Ivyo ngo bikaba bimaze kwibonekeza mu ntara za , n'ahandi.
🤵🏻♂️Umuserukizi w'Uburundi muri Afirika y'epfo, , ashikiriza ko iyo migumuko iriko irategurwa kubera kuva kuri uyu wa 27.04.2026 gushika kuwa 29.04.2026 (igihe iki gihugu gisanzwe gihimbaza ubwigenge), hazokorwa ibintu bitari vyitezwe mu ntara ya (Johanesburg, Pretoria), no mu mice bitari vyitezwemwo. Bukuru agasaba abarundi bose baba muri ico gihugu kurikanura mu kwirinda kwegera ahariko harabera iyo migumuko, mu kwirinda guhangana n'abagumuka, mu kugerageza guheba ingendo zitari ngombwa.