28/06/2022
Imiliyoni 405 z'amafaranga y'amarundi nibwo buryo ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Lumitel rigiye guha ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi FFB, mu ntumbero yo gufata mu mugongo ihiganwa ry'icicaro cambere c'inkino z'abigeme.
Mu masezerano ayo mashirahamwe ahejeje gusinyiranira kuruno wa Kabiri, ishirahamwe Lumitel rivuga ko rigiye gukora ico gikorwa mu kiringo c'imyaka 3, rikazoja riratanga imiriyoni 135 buri mwaka.
Mu mwaka uza, ihiganwa ry'abigeme rizoba ryitwa:" Lumitel Women League"
Muvyumva gute?