27/10/2025
Itoni 175 z'ubutare 3T aribwo cassitérite, wolframite na coltan nizo zashowe hanze y’igihugu, kuri uyu wa mbere. Ico gikorwa cahagarikiwe n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye aho yamenyesheje ko vuba Uburundi buzohingura ubutare bwimbwa.
Ku kijanye n’ubutare bw'inzahabu, avuga ko agiye kugira isuzuma ry'amakoperative abwimba. Ashikiriza ko uwuzokwimba hanyuma ntihagire ico azane azoca ahagarikwa. Ku bwiwe, hakwiye kujamwo umuco mu bijanye n'icukurwa hamwe n'ishorwa ry'inzahabu.