Nyabusorongo

Nyabusorongo Uburundi ni impetso ya twese. Dukunda abarundi bose. Tuvuga ukuri gusa. Akari munda y'ingoma, kamenwa n'uwayikanye.

🔴Kuri ino si, hose ni imiruho gusa!Mu gihugu ca Kenya nahonyene, hariko haravugwa ikena ry'amamodoka ama BUS yunguruza a...
06/02/2026

🔴Kuri ino si, hose ni imiruho gusa!

Mu gihugu ca Kenya nahonyene, hariko haravugwa ikena ry'amamodoka ama BUS yunguruza abantu, bivuye kw'ikena ry'Igitoro!

📍Tukabamenyesha ko twebwe mu Burundi haciye hafi imyaka 4; duhangana n'ingorane n'ibibazo vy'ikena ry'ibitoro.

Ndabire namwe ingene abanya Kenya nabo basigaye biyunguruza muri iki gihe.
Ababaye kw'isi barahanzwe, iyi si yashaje...!



05/30/2026

🔴 Kugeza zino saha, abarundi nka bose bari kw'isi yose, baribaza bati :

" Kuki mu migumuko yabaye mu Burundi muri 2015 haturiwe amapine mu mabarabara yo muma Quartiers ya Musaga, Ngagara, Cibitoke, Mutakura gusa?
Kuki tutigeze tubona abanya Buyenzi canke abarundi b'abanya Kamenge baturira amapine?

📍Aha niho uca ubonera ko abarundi tugoye n'ubwo bwoba ari ubwa mbere ubaye mu Burundi.
Iki kibazo ukibajije , ndazi neza ko ata nyishu yopfa aguhaye,
wakibaza Marguerite Barankitse canke Sinduhije Alexis, nabonyene vyogenda ntyo.
Nawe wewe nyene usomye ino message, weho woronkera inyishu ico kibazo?



🔴Guhera iyi saha, mwite Docteur, Lieutenant Général Silas Ntigurirwa !📍Arahejeje gusoma ca gitabu ciwe, akaba aronse ama...
05/28/2026

🔴Guhera iyi saha, mwite Docteur, Lieutenant Général Silas Ntigurirwa !

📍Arahejeje gusoma ca gitabu ciwe, akaba aronse amanota angana na 18,5/20!!
Ni thèse yari yitabwe n'ababubahwa benshi cane.

Amashi menshi kuri uyu mutama.



🔴 Ikinyamakuru canyu, kiripfurije zina mu ISLAM wese ari hano, umusi mukuru mwiza w'Intama (TABASKI).📍Muwuryoherwemwo mu...
05/27/2026

🔴 Ikinyamakuru canyu, kiripfurije zina mu ISLAM wese ari hano, umusi mukuru mwiza w'Intama (TABASKI).

📍Muwuryoherwemwo mu mahoro n'umunezero mu miryango yanyu!



05/26/2026

🔴Uburyohe bw'akahise.

Aka karirimbo karatuma abakumvirije bahakwa kurira kubwo inkumbu, gukunda igihugu, n'ibigumbagumba vy'akahise iyo bibutse ubuto bwabo!
Kaributsa kandi, ubuzima bwaho hambere benshi twaciyemwo bwo kw'ishure n'abana twakuranye, abagenzi bacu bashengeye n'abakiriho ariko ubu bashaje!

📍Uwukazi neza akandikire abandi muri commentaires abandi bakamenye neza!

Weho ntaco kakwibukije?



05/24/2026

🔴Benshi baribaza bati:
" Ubwo izi Vidéos zerekana amabi yakozwe n'abariko bigaragamvya muri 2015; ba Chimamanda Moses , ba Eric Nyandwi canke nka Pacifique Nininahazwe ubwabo barazibona?"
Kubera iki ataco bazivugako, canke nka Pacifique Nininahazwe ubwiwe ngo asabe imbabazi abarundi bose kuvyabaye kirya gihe?
Mundabire nk'uwo mu mama ingene yakubaguwe yamburwa impuzu n'urwo rwaruka, ararira atawe ari buyahe, arabura igitabara.
Iyo aba mama wawe, ubu uba ubifata gute, uba umubona gute muri 2026?
Tubamenyeshe ko aba ba Police bari bari kukazi kabo ka misi yose bitekaniye, baca barabasimbirako babagira ukwo mubona ataco bazira!
Kubakurikirana amakuru, uwo mu mama yoba yahavuye yicwa n'abo ba manifestants?
Kuko harimwo amajwi yabamwe avugamwo ngo turamwica...!

📍Uwuraho niwe yavuze ati; burya nasanze abarundi nka twese turi abicanyi gwihisha.
Nta murundi numwe kw'isi uzosanga avuga ukuri ijana kw'ijana.
Kuba ba , n'abandi bose bahamagariye urwaruka kugumuka muri 2015 batigeze basaba imbabazi aba ba Polices bagizwe gutya n'abantu babo, canke ngo babashikeko babasabe imbabazi; ni ikimenyetso sindamusiga cerekana ko mu Burundi impinga ikiri ndende!
Nta mpuhwe tugira, twese ntitwera na gato.

Mugire umusi w'Imana mwiza.



!

🔴Abantu benshi batangajwe niri Tangazo ry'uyu mu Dirigiteri!Ubwo uwu mu Dirigiteri yoba yarize amashure matoto n'ayisumb...
05/22/2026

🔴Abantu benshi batangajwe niri Tangazo ry'uyu mu Dirigiteri!
Ubwo uwu mu Dirigiteri yoba yarize amashure matoto n'ayisumbuye?
Kumenga afise ukwiyumvira kuri hagufi?
Kera aba Diregiteri b'amashure baba ari abantu bashwashwanutse, baciye ubwenge kandi bashishoza!
None ntiyigeze nawe akubagana, canke abo vyarukanye bari bari mu myaka y'uwo mwana yirukanye, ntiyigeze abona bakubitwa inkoni nyinshi nyinshi babatumye umuvyeyi?
Canke ntiyigeze nawe akina komborera?
Mbe hoho, nta n'abakunzi canke Maître responsable ahari kuri iryo shure ngo bamuhanure?
Canke ari muri baba Diregiteri bigira vyose, badahanurwa?

📍Abize bose babonye ubu butumwa batangaye, nyamba ari vyo atari ukubesha, uyu mu Diregiteri nagende afute ivyo bintu y'affishije!
Nawe musomyi wacu, ubibona gute ?


!

🔴Abarundi tugomvye, twogomba tugatekana tukubakira hamwe kino gihugu, tukakibungabungira hamwe mu mutekano ntangere.Bira...
05/21/2026

🔴Abarundi tugomvye, twogomba tugatekana tukubakira hamwe kino gihugu, tukakibungabungira hamwe mu mutekano ntangere.
Biravugwa ko hari
Imiryango itariki mike mu Burundi yari yaremeye iritanga gushika aho bagurisha n' amatongo yabo kugira barabe ko borungika abana babo hanze ngo baje kurondera ubuzima mu bihugu vya Bulaya.

Guhera mu gihugu c'Ubusuisse, baranse guha igice atari gito ubuhungiro abo barundi; biramwo bamwe kwiyahura bumvise ko bagira bagarukanwe ku nguvu.
Ariko mu minsi itarambiranye, bivugwa ko abagera 200 bagiye kugarukanwa ku nguvu aha mu Burundi!

🔴Bivugwa ko mu Babiligi hoho hari abangana uko ugwije n'incuro cumi bagiye kurungikwa i BURUNDI ubutarariye, cane cane urwaruka rwaciye muri Serbiya.
Imiryango atari mike ni agahinda uravye ivyo bari baratanze, abatari bake bari mu mubabaro utagira uko ungana.

Bulaya, hari politike yokugabanya abimukira, bivugwa ko ababiligi bo baje kuraba ivyo umutekano mu gihugu, baca basanga ahubwo ni ubukene butuma bajayo, none bigiriye inama yo kuzobatekerera amahera azobafasha bash*tse mu BURUNDI .

Imiryango itari mike iri mugahinda nkabagurishije utwabo twose ngo barungike abana canke nabo bakagenda bakiyumvira aho bazogaruka bashikira. Abarundi rero birakenewe ko nabagenda ubu batogenda batiyumviriye neza ingaruka cane cane mu bihugu bimwe bimwe.


🔴Biratangaje cane!Umwe mubarugwanye, Lieutenant Général Silas Ntigurirwa, aherutse gushira ahabona ko agiye gusoma igita...
05/20/2026

🔴Biratangaje cane!

Umwe mubarugwanye, Lieutenant Général Silas Ntigurirwa, aherutse gushira ahabona ko agiye gusoma igitabo Kw'itariki 24/5/2026; kigiye kumuha ipete rikomeye cane muvyo ubwenge ryitwa Docteur, canke mucongereza PhD.

Ibi bintu biratangaje cane ukuntu uyu mutama yafashe inkoho akaja mw'ishamba kuva mu 1994, gushika mu 2003; ariko ash*tse mu gihugu akaguma afise umwete n'ubwira bwo kwiga mbere gushika no kumashure ahanitse!
Uyu mwete si uwabose mubantu bose, baba abakuru canke abato.
Icari kwumvikana, nuko ufise Ipete rya gisirikare nk'iryo Silas Ntigurirwa afise, uravye ubutunzi n'ivyubahiro afise, ni ukwiga ugaheza Kaminuza nyene bisanzwe nk'abandi ukitwa uwize nkuko n'abandi babigenza.
Ariko kuva kuri Licence canke Baccalauréat, ukaja kwiga Maitrise iyindi myaka 2; uhejeje iyo Mastère ukaja kwiga iyindi myaka 4 urara utunye kwikaye ngo uronke amanota ube Docteur usanzwe uri Général, yemwe biragoye gutahura k'umuntu w'icubahiro nka Lieutenant Général Silas Ntigurirwa !

🔴Twibaze utubazo duke twoba twaratumye aja muri ivyo bintu:
1. Silas Ntigurirwa, yoba yarabuze ico akora, aca yiha akazi ko kwiga kugira aronke occupation?
2. Silas Ntigurirwa, yoba yarimwe faveur kubwo amashure make yari afise, bimutera ishavu ryo kwiga amashure maremare kugira yihore abamugiriye nabi ?
3. Silas Ntigurirwa, yoba yaremerewe igiti gikomeye muri Leta ariko abajejwe kubitanga bamubwira ko ategerezwa kubereka grade académique yo kugwego rwa Doctorat ?
4. Silas Ntigurirwa, yoba yararavye arabona ko naho yokwitwa Général akaronka amahera n'ibindi vyubahuro vyinshi nko ataco bimaze adafise ubumenyi bwo mu mutwe?
5. Silas Ntigurirwa akunda amaronko menshi, ivyo aronka kw'ipete rya Général ntibimubumba, ashaka nivyaba Doceturs abironkeko, gutyo aronke amahera menshi?

Biragoye kumenya neza icabimutumye, ariko ico bikoze yerekanye ubutwari n'ubwira budasanzwe afise; kuko ivyo bintu ni bake cane mubo bari barikumwe mw'ishamba babikoze bamaze kuva guhabuza Démocratie.

📍Urunganwe ibi bintu vya Silas Ntigurirwa bitwigishe.
Bwabundi hasaza mu mutwe, ugushaka kuhari ntaco utoshikako ku myaka yose woba ufise.
Ikinyamakuru canyu kirakeje bimwe vy'umwihariko uyu mu général.
Ikintu kimwe kandi gihambaye tumwipfurije, nuko yozosubirira Prezida Ndayishimiye Evariste niyaheza mandats ziwe 2 yahawe n'aba CNDDFDD.
Tuvuze ko tubimwipfurije, siko bica biba, canke suko twanka abandi bagumyabanga ba CNDDFDD !



!

05/19/2026

🔴Tuvuge ko bimwe wa mwanditsi wa IWACU Antoine KABURAHE aheruka kuvuga, ko bitanguye kwibonekeza?

Prezida Ndayishimiye Evariste ejo hahise itariki 18/05/2026, yaraye yatse ibikorwa vyose vyarangurwa na OBUHA yahora itwarwa na Lieutenant colonel Nibigira Léonidas; aca avyegurira umwana muto cane yigishijwe muri ISCAM n'uwo akuwe, ari we Capitaine Ndorimana Adronis.
Uyu mu Capitaine Ndorimana, niwe agize imisi yubakisha ama chantiers ya Leta Nkozi kandi akayubaka ku mahera make, n'ibikorwa bikanyaruka!
Iyi vidéo muyikwirikirane neza, muraja kwumva ubudasa vyivyo Nibigira yaranguye, n'ivyo Ndorimana yakoze!

📍 Génération nshasha y'Intwazangabo z'Uburundi FDNB, yoba itanga icizere cuko igihe bashikiriwe kubazwa ivyo Uburundi bizogenda neza nkuko vyashikirijwe mu misi iheze n'umusesanguzi w'umumenyeshamakuru ?
Tubihe umwanya!


Address

1790 Rue Jeannine-Lépine
Sherbrooke, QC
J1E4K9

Telephone

+25779472786

Website

https://www.youtube.com/@Sympholine

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Nyabusorongo posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Nyabusorongo:

Share

Category