08/09/2026
🇰🇪🇧🇮Reta ya Kenya yatanze ikiringo c’iminsi 90 kugira abanyamahanga bakora urudandazwa rutoruto bazobe bitunganije mu bijanye n'ivya ngombwa vyo kuba muri ico gihugu, ivy'akazi n'ivyo gukora urudandazwa. Mohammed, umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w’igihugu, amenyesha ko ico gikorwa kizohagararirwa n’ubuserukizi bw’ibihugu vy’abegwa n’iyo ngingo. Ku bwiwe, reta iragabisha uwo wese azohohotera canke agatera ubwoba abanyamahanga.
✍️Hagati aho, kuri uyu wa 7 Nyakanga 2026, Korir Sing’Oei,umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu yarasavye imbabazi Abarundi baba muri ico gihugu, inyuma y’aho bamwe muri bo bavugiye ko batewe ubwoba canke bakagirirwa nabi.Yari yagiye kubahumuriza ku buserukizi bw’Uburundi i Nairobi.
👨👩👧Benshi bari bahakoraniye gusaba impapuro z’inzira zo gutaha kubera ubwoba bari bafise. Intandaro ya vyose ni amajambo umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto, aho yavuga ko abanyamahanga bakora urudandazwa ruto ruto batemerewe gukora kuva kuri uyu wa 7 Nyakanga. Korir Sing’Oei yasiguye ko ingingo ya reta yerekeye abanyamahanga bakora urudandazwa ruto ruto badafise uruhusha, atari abanyamahanga bose.
🌏Umuhinga mu bijanye n'amasezerano y'ibihugu vyunze ubumwe asigura ko ametegeko agenga umuryango wa Afirika y’ubuseruko atomora ko abanyamuryango bidegemvya haba mu ruja n’uruza canke mu vyo gukora ubuzi. Arthémon Nduwimana abona ko igikwiye ari uko amategeko agenga uwo muryango yoshirwa mu ngiro mu kibano, abanyagihugu bakishira bakizana nk’abavukanyi aho kubonana nk’umutwaro.
📸 's Inc.