Quoi de neuf au Burundi?

Quoi de neuf au Burundi? Menya umenyekanishe ivyo ukora. Faites connaître vos produits à travers cette plateforme Publicité

Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yahaye umubonano kuri uyu wa mbere  , umushingamateka yatowe mu karer...
09/02/2026

Umukuru w'Igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yahaye umubonano kuri uyu wa mbere , umushingamateka yatowe mu karere ka mu gihugu ca yari yaje nk'intumwa idasanzwe y'umukuru w'igihugu ca Kenya .

Umuvugizi w'umukuru w'Igihugu amenyesha ko uwo mush*tsi yari azanye ubutumwa bw'umukuru w'igihugu ca Kenya kuri mugenziwe, umukuru w'Igihugu c'Uburundi, ubutumwa bujanye no gukomeza imigenderanire iri hagati y'Uburundi n'igihugu ca Kenya yongera amukeza kubona agiye kurongora umuryango w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, amwipfuriza kuroranirwa muri ayo mabanga.

Umuvugizi w'umukuru w'Igihugu akamenyesha kandi ko uwo mush*tsi yari aje kwiga ibijanye no gutunganya neza amatora kuko Uburundi bumaze kwerekana ko butunganya neza amatora mu gihe mu gihugu ca Kenya naho bimirije amatora mu mwaka uza wa 2027.

Uwo mush*tsi Fatuma Mohammed akaba yashimye uko yakiriwe n'umukuru w'igihugu c'Uburundi hamwe n'icigwa yahakuye ngo atari bwumve ahandi, aho mu Burundi inzengo zishingwa neza baravye ko uwugiye kurongora abantu ahimiriza abanywanyi biwe gukunda ibikorwa na cane cane uburimyi kugira biteze imbere. Akavuga ko ari icigwa atwaye iwabo muri Kenya.
Fatuma Mohammed akavuga kandi ko yashimye ukuntu mu Burundi abakenyezi bahabwa ibibanza bikwiye mu nzego z'igihugu.




  2060 ! Oyeeee!!!
08/02/2026

2060 ! Oyeeee!!!

🇧🇮🤝🇳🇬Umugwizatunga wo mu gihugu ca Nigeria, Aliko Dangote, yagendeye uburundi  kuri uyu wa gatandatu aho yari aherekejwe...
08/02/2026

🇧🇮🤝🇳🇬Umugwizatunga wo mu gihugu ca Nigeria, Aliko Dangote, yagendeye uburundi kuri uyu wa gatandatu aho yari aherekejwe n' uwahoze ari umukuru w' igihugu ca Nijeria Olusegun Obasanjo.

📌Umuyobozi mwishikira mu biro vy' umukuru w' igihugu General de Brigade Aloys Sindayihebura akamenyesha ko baciye basinyiranira amasezerano y' ibanze yo gufashanya mu bisata vy' inyubako ubutare, ivy' uburimyi n' ibindi.

🌾Olusegun Obasanjo aho aviriye k'uburongozi bw' igihugu ca Nigeria mu mwaka w'2007 akaba yaciye aja muvyo kwitunganiriza imigambi cane cane mu gisata c' uburimyi n' ubworozi aho ngo akaba akoresha abakozi barenga ibihumbi indwi. Aliko Ndagote nawe akaba ari umugwizatunga yamenyekanye cane muri ico gihugu ca Nigeria nyene no muri Afrika yose mu bikorwa bitandukanye harimwo guhingurira isima, ibijanye n' igitoro n' ibindi.


06/02/2026

I'm ill 😒

06/02/2026

Adresse

Paris

Heures d'ouverture

Lundi 09:00 - 17:00
Mardi 09:00 - 17:00
Mercredi 09:00 - 17:00
Jeudi 09:00 - 17:00
Vendredi 09:00 - 17:00
Samedi 09:00 - 17:00

Notifications

Soyez le premier à savoir et laissez-nous vous envoyer un courriel lorsque Quoi de neuf au Burundi? publie des nouvelles et des promotions. Votre adresse e-mail ne sera pas utilisée à d'autres fins, et vous pouvez vous désabonner à tout moment.

Contacter L'entreprise

Envoyer un message à Quoi de neuf au Burundi?:

Raccourcis

Partager